Uko wahagera

Vyitezwe kw’Abategetsi Bajejwe ivy’Ubudandaji kw’Isi, Batororkanya Imiliyardi Zine z’Amadolari, Agenewe Ubutunzi bw’Abanya Palestina


Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry (ariko aramukanya na Prezida wa Israel, Shimon Peres na Prezida w'Abanya Plestina, Mahmoud Abbas mw'ikoraniro ryerekeye ubutunzi kw'isi, mu gihugu ca Jordaniya, ku musi w'Imana, italiki 26 z'ukwezi kwa gatanu
Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry (ariko aramukanya na Prezida wa Israel, Shimon Peres na Prezida w'Abanya Plestina, Mahmoud Abbas mw'ikoraniro ryerekeye ubutunzi kw'isi, mu gihugu ca Jordaniya, ku musi w'Imana, italiki 26 z'ukwezi kwa gatanu
Secreteri wa Departement ya Amerika, John Kerry, yatangaje kw’abategetsi bajejwe ivy’ubudandaji kw’isi bafise imigambi y’ugutororokanya imiliyardi zine z’amadolari, ajejwe gushirwa mu butunzi bw’Abanya Palestina, kugira bitume haba utwigoro tw’amakungu, tw’ugusubira kunagura ibiganiro vy’amahoro, hagati ya Israel n’Abanya Palestina.

John Kerry, mw’ijambo yashikirije, ejo ku musi w’Imana, mu nama yerekeye ubutunzi kw’isi, mu gihugu ca Jordaniya, yamenyesheje ko yasavye Tony Blair, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, kuyobora umurwi w’abategetsi bagira imirimo y’ubudandaji, bafise imigambi y’ugutororokanya ayo mafranga, ajejwe iterambere mu vy’ubutunzi, mu ntara ya Cisjordaniya.

Yamara nta birenga ngaho yavuze, ku vyerekeye iyo ayo mafranga azova, hamwe n’amashirahamwe azoshira imitahe, mu ntara ya Cisjordaniya.

Yatangaje kw’uwo mugambi ushobora kugabanya ubushomeri, hafi ya biri vya gatatu, mu gihe imishahara yoshobora kwiyongera, ibice mirongo ine kw’ijana. Yamara yavuze ivyo vyova ku ntambwe, ku vyerekeye amahoro hagati ya Israel n’Abanya Palestina.

Jon Kerry yatangaje ko vyitezwe kw’uwo mugambi ujejwe gusubira kunagura ubutunzi bw’Abanya Palestina, woba werekeye hafi y’imiliyardi zine z’amadolari y’imitahe, kandi kw’abahinga bariko bakora, kugira uwo mugambi uje mu bikorwa.

John Kerry ariko akorana na Tony Blair, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza, n’abategetsi bakomeye mu vyerekeye ubudandaji kw’isi, kugira bashireho imigambi igenewe gusubira kunagura ubutunzi bw’Abanya Palestina.

Imbere yaho, ejo ku musi w’Imana, prezida w’igihugu ca Israel, Shimon Peres, yatangaje ko bishoboka kw’Abanya Israel n’Abanya Palestina, bashobora kurengera ibibatandukanya, bagashika ku mahoro.
XS
SM
MD
LG