Uko wahagera

Nawaz Sharif Yaratangaje Intsinzi y’Umugambwe Wiwe ,mu Matora y’Abashingamateka, muri Pakistani


Nawaz Sharif, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Pakistani, ariko asihikiriza ijambo abamushigikiye
Nawaz Sharif, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w'igihugu ca Pakistani, ariko asihikiriza ijambo abamushigikiye
Nawaz Sharif, yahoze ari umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Pakistani, yaratangaje intsinzi y’umugambwe wiwe, Pakistani Muslim League, mu matora y’abashingamateka yabaye, ejo ku musi wa gatandatu.

Amajwi aracaharurwa.

Niyo ivyavuye mu matora bizoba vyatangajwe icese, vyerekana intsinzi yiwe, Sharif azogaruka mu mabanga yajejwe incuro zibiri, mu myaka y’1990.

Yamara nta mugambwe numwe vyitezwe ko utsindira ibibanza vyinshi, mu nama nshingamateka, ivyo bikazotuma Sharif ategerezwa gushiraho Reta y’urunani.

Sharif ariko asaba imigambwe yose, mu gihugu ca Pakistani kwifatanya nawe, mu gutorera inyishu ibibazo igihugu ca Pakistani gifise birimwo, ugutituka kw’ifranga ry’igihugu, ubushomeri, ibibazo vy’umuyagankuba, n’umugumuko w’Aba Talebani.

Abategetsi bajejwe amatora, batangaje kw’igitigiri c’abitavye amatora, cari hejuru cane.

Ibibanza vy’amatora vyagumye vyuguruye, gushika hagati y’isaha n’amasaha atatu, inyuma y’igihe cari categekanijwe ,mu bibanza bimwe bimw,e kugira bitume abari bakirindiye gutora, bashobora gutora
XS
SM
MD
LG