Uko wahagera

Umushikiranganji wa Mbere w’Ubutegetsi bw’Abanya Palestina, Yaratanze Imihoho


Umushikiranganji wa mbere w'ubutegetsi bw'Abanya Palestina, Salam Fayyad
Umushikiranganji wa mbere w'ubutegetsi bw'Abanya Palestina, Salam Fayyad
Umushikiranganji wa mbere w’ubutegetsi bw’Abanya Palestina, Salam Fayyad, yaratanze imihoho, ejo ku musi wa gatandatu, inyuma y’amatati, yamaze amaze igihe kirekire na prezida Mahmoud Abbas.

Umushikiranganjai wa mbere, Salam Fayyad, yaremeye kubandanya amanga yiwe vy’agateganyo, gushika Reta nshasha ishizweho.

Fayyad yitirirwa ko yakoresheje imiliyoni amajana n’amajana y’amadolari y’infashanyo y’amakungu kugira yubake amabarabara, amashule, n’iyindi migambi ifasha iterambere, mu ntara ya Cisjordaniya.

Yamara prezida w’ubutegetsi bw’Abanya Palestina, Mahmoud Abbas, ntiyumvikanye na gato n’umushikiranganji wa mbere, ku migambi yiwe yerekeye ubutunzi, n’ububasha bwiwe.

Ret Zunze Ubumwe Za Amerika zibona ,Fayyad ,nk’umutegetsi atari intagondwa, mu karere ka Israel n’Abarabu.

Yari yashigikiwe, ku mugaragaro, na prezida wa Amerika, Barack Obama, na Secreteri wa Departement ya Reta ya Amerika, John Kerry.
.
XS
SM
MD
LG