Uko wahagera

Nicolas Maduro, Niwe Yatowe na Shavez


Venezuela's Vice President Nicolas Maduro speaks during a rally in Caracas February 27, 2013. Venezuelans are commemorating the 24th anniversary of the social uprising known as 'Caracazo' which President Hugo Chavez said marked the start of the his revolu

Venezuela's Vice President Nicolas Maduro speaks during a rally in Caracas February 27, 2013. Venezuelans are commemorating the 24th anniversary of the social uprising known as 'Caracazo' which President Hugo Chavez said marked the start of the his revolu

Shavez, yasandabiye mu kibanza kitatangajwe, ahitanywe n’ingwara ya Cancer.

Urupfu rwiwe ruratanze akaryo ko gutunganya amatora mashasha, azokwerekana niba revolution yatanguye izobandanya atakiriho. Amatora azotegerezwa gutunganywa mu misi 30.

Vice president Nicolas Maduro niwe Chavez, yari yaratoye ngo amusubirire, yamara ashobora kubona umuntu ahiganira ico kibanza nawe; uyo nawe akaba ari bulamatari w’intara ya Miranda, Henrique Capriles, yatsinzwe na Chaveze mu matora yabaye mu kwezi kwa 10 mu mwaka w’2012.

Uyo mushingantahe Maduro afise imyaka 50, yatangaje iyo nkuru ivuga ko Chavez yitavye umuremyi, kuri television, afise akababaro kenshi cane ejo ku musi wa kabiri.
Maduro ari mu bategetsi bafashe urugendo rubajana mu gihugu ca Cuba kuraba umushingantahe Chavez, igihe yariko aravurirwa mur’ico gihugu.

Imbere y’uko atangaza urupfu rwa Chavez, umushingantahe Maduro yabanje kugira inama n’abashikiranganji; abasirikare bakuru hamwe n’aba bulamatari; inama yabereye mu gisagara ca Caracas. Television y’igihugu, yavuze kw’iyo nama, yari ifise umugambi wo kwihweza uburyo butandukanye bwo guteza imbere igihugu.
XS
SM
MD
LG