Uko wahagera

Prezida wa Somalia Yaragenye Umushikiranganji wa Mbere

  • VOA Africa

Umushikiranganji wa Mbere Mushasha wa Somalia, Abdi Farah Shirdon

Umushikiranganji wa Mbere Mushasha wa Somalia, Abdi Farah Shirdon

Prezida mushasha wa Somalia, Hassan Sheikh Mohamed yaratangaje ingingo yiwe y’uguhitamwo Abdi Farah Shiridoon Saaid kuba umushikiranganji wa mbere.

Prezida Mohamud, yatangaje ko yahisemwo Shirdoon Saaid, yagira imirimo y’ubudandaji mu gihugu ca Kenya kuba umushikiranganji wa mbere.

Umumenyeshamakuru muri Somalia yabwiye Ijwi rya Amerika, Service y’Igisomali ko Mohamud yatangaje iyo ngingo inyuma yuko agiranye imibonano itari mike n’abayobozi ba Somalia n’inararibonye ziserukira ubwoko muri Somalia.

Umutambukanyi w’umushikiranganji wa mbere mushasha, Abdi Farah Shirdoon Saaid , Asha Haji Elmi n’umuntu akomeye ku vyerekeye guharanira amahoro.

Hassan Sheikh Mohamud yatowe kuba prezida wa Somalia n’inama nshingamateka mu kwezi kw’icenda.
XS
SM
MD
LG