Uko wahagera

Abantu 21 Barishwe Mu Bitero Vy'Indege Muri Syria


Uncles of a student who was killed in a suicide bombing comfort each other as his body is loaded to an ambulance for burial, at a hospital in Rawalpindi, Pakistan, Jan. 20, 2014.
Uncles of a student who was killed in a suicide bombing comfort each other as his body is loaded to an ambulance for burial, at a hospital in Rawalpindi, Pakistan, Jan. 20, 2014.

Abaharanira ineza y’abanyagihugu mu gihugu ca Syria, batangaje kw'abanyagihugu 21 bishwe mu bitero vy'indege za reta

Abaharanira ineza y’abanyagihugu mu gihugu ca Syria, batangaje kw’indege z’ingwano za reta, zarashe mu gisagara co mu buraruko kiri hafi y’urubibe igihugu ca Syria gisangiye n’igihugu ca Turkiya, maze zica abantu 21, igihe ingwano yariko irabica bigacika mu gisagara ca Aleppo.

Ishirahamwe ry’abanyaSyria riharanira agateka ka zina muntu, rifise icicaro I Londres mu gihugu c’Ubwongereza, ryavuze ko mu bantu bishwe mur’ivyo bitero vy’indege, vyabaye ejo ku musi wa mbere, harimwo abana umunani.

Amasanamu ya video yerekanywe n’abaharanira ineza y’abanyagihugu bo mur’ico gisagara, yarerekanye abantu bishwe mur’ivyo bitero, barunzwe muri camionnette.
Iryo shirahamwe ryavuze kw’abantu bishwe mu gihugu ca Sryia hose ejo ku musi wa mungu bashika 100, bakaba barimwo abajejwe umutekano 18, baguye mu mutego w’abarwanya ubutegetsi mu ntara ya Homs.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu Ban Ki moon yaridogeye uruhara rwa reta ya Syria mur’iyo ngwano, mu nama yagize n’umushikiranganji w’igihugu ca Syria ajejwe imigenderanire, Walid al-Moualem, inyuma y’ibikorwa vy’inama mpuzamakungu.
XS
SM
MD
LG