Uko wahagera

Reta Nshaha Yaratanguye imirimo yayo muri Cote d’Ivoire


Reta Nshaha Yaratanguye imirimo yayo muri Cote d’Ivoire
Reta Nshaha Yaratanguye imirimo yayo muri Cote d’Ivoire

Hari abashikiranganji cumi na bane bava mu mugambwe wa prezida Oattara yamara nta numwe ava mu mugambwe w’uwahoze ari prezida Laurent Gbagbo

Reta nshasha ya prezida Alassane Ouattara yaratanguye indwi yayo ya mbere y’akazi.

Guillaume Soro, yahoze ayoboye abagwanya Reta yabandanije kuba umushikiranganji wa mbere, ikibanza yari afise muri Leta ya prezida Ouattrara yagenywe inyuma y’amatora yabayemwo amatati yo mu kwezi kw’icumi na rimwe mu mwaka uheze, no muri Reta y’ubumwe yari ihari imbere y’amatora ku wahoze ari prezida wa Cote d’Ivoire, Laurent Gbagbo.

Soro yavuze ko Reta nshasha igizwe n’abashikiranganji mirongo itatu na batandatu yiyemeje kugarukana ubumwe mu gihugu.

Soro yavuze ko leta nshasha iriko isaba abanye Cote d’Ivoire kuguma batekanye. Yavuze ko iyo Reta igizwe n’abashikiranganji biteguriye gukora mu nzira y’ugusubira kunywanisha abanye Cote d’Ivoire n’ugusubira kwubaka igihugu, kugira amahoro agaruke kuri bose.

Soro yavuze ko ubwo aribwo buryo Leta ishobora gusubira kunagura ubutunzi n’iterambere.

Hari abashikiranganji cumi na bane bava mu mugambwe wa prezida Oattara yamara nta numwe ava mu mugambwe w’uwahoze ari prezida Laurent Gbagbo, umugambwe wiwe wabanje gusaba irekugwa ryiwe, imbere yuko ushobora kugira uruhara muri Reta nshasha.

XS
SM
MD
LG