Madeleine Albright, yabaye umushikiranganji wa Amerika w’imigenderanire n’ayandi makungu, yitavye Imana ahitanwe n’ingwara ya Kanseri. CEDEAO Yatumiye Perezida Assimi Goita wa Mali mu Biganiro.
I Bujumbura mu Burundi hakoraniye inama y’iminsi itatu ihuza abashoramali b’Abarundi n’Abagande. Impande zombi zirasusuma uko zakorera hamwe mu mugambi wo kwagura isoko ry’ibicuruzwa muri ibi bihugu byombi bihuriye mu muryango w’ Akarere k'Afurika y’Uburasirazuba, EAC
Murisanga (1400-1500 UTC): Kw’igenekerezo rya 2 ry’ukwezi kwa kane, harategekanijwe ikiganiro c’Abarundikazi bari mu bihugu bitandukanye, kizokoreshwa hisunzwe ubuhinga bwa Zoom. Ibintu nyamukuru bizoshikirizwa muri ico kiganiro muri Murisanga y'uno munsi
Inama y'abategetsi b'ibihugu vya OTAN i Buruseri mu Bubirigi. Igisata kijejwe programu yo kugaburira abanyeshuri mu mashuri matomato mu Burundi kivuga ko ibitigiri vy'abana bagaburirwa mu mashure y'intango vyiyongereye.
Uganda ibandanya kwakira impunzi zihunga intambara mu burasirazuba bwa Repubulika ya demokarasi ya Kongo. Abategetsi ba NATO bari mu nama ku ntambara y'Uburusiya muri Ukraine