Ingingo zigize amakuru muri kano gatondo: Uburusiya na Ikerene Baraganira kuri uyu wa mbere. Uburayi Bwafashe ingingo yo Kugara ikirere cabwo ku ndege z’Abarusiya. Intumwa za ONU na CEDEAO ziri muri Gineya Conakry Gusaba Itariki y’amatora
Iwanyu mu Ntara (1100-1130UTC): Ni ikiganiro c’umwihariko, gishimikira ku makuru avugwa mu ntara zitandukanye z’Uburundi n’u Rwanda, kidasize inyuma ayavugwa mu makambi yahungiyemwo impunzi z’Abarundi muri Afurika y’ibiyaga binini n’Afurika y’ubuseruko.
Mu kiganiro Murisanga c’uyu musi, turagaruka ku kibazo nkoramutima c’ibitigiri vyiyongera vy'abana b'abakobwa b'impunzi bafise imyaka iri musi ya 18, bashurashuzwa, bagaterwa inda.
Kuba Uburundi budafise itegeko rigenga igisata c'ingenzi biri mu bibangamira iterambere ryaco. Igihugu ca Ukraine casavye Uburusiya guhagarika ingwano no gutahana ingabo zabwo ku buryo bwihutirwa.
Reta zunze ubumwe za Amerika zafashe ingingo y’ugutuma igihugu c’Uburusiya kidashobora gukoresha amadolari. ONU itanganza abanya Ukraine insinzi babandanya bahunga igihugu cabo baja mu bihugu bibanyi