Ubushinwa Bwasavye Abanyagihugu Babwo Kuva mu Buseruko bwa Kongo

Imodoka zatwitswe n'ishyeshyamba za ADF zifite ibirindiro muri Kivu ya ruguru imwe mu duce abaturage b'Ubushinwa basabwe kuvamo

Ubushinwa bwasavye abanyagihugu babwo kuva mu ntara 3 zo mu buseruko bwa Republika ya Demokrasi ya Congo mu gihe uruhagarara n'ubwicanyi biriko vyiyongera muri izo ntara.

Igitigiri kitari gito c’Abashinwa baratewe, abandi baranyuruzwa mu kwezi kurangiye mu ntara za Kivu yo mu bumanuko, Kivu yo mu buraruko na Ituri, aho imirwi itari mike y’abarwanya ubutegetsi ikorera.

Reta y’Ubushinwa isaba abanyagihugu bayo bari muri izo ntara 3 gutegekanya imigambi yo kuhava bakaja mu bindi bice vyo muri Kongo, birimwo umutekano.

Abari mu bice vya Bunia, Djugu, Beni, Rutchuru, Fizi, Uvira na Mwenga basabwa kuhava badatevye. Ubushinwa buragabisha ko abazohaguma bazokwimenya ku giti cabo no ku nkurikizi zizobashikira.

Ambasade y’Ubushinwa muri Congo yaratangaje mu kwezi guheze ko Abashinwa 5 banyurujwe mu kibanza gicukurirwamwo ubutare mu ntara ya Kivu yo mu bumanuko ihana urubibe n’u Rwanda, Uburundi na Tanzaniya.

Yagabishije ko umutekano muri ako karere utameze neza na gato kandi ko hari uburyo buke bwo gutabara mu gihe hari abatewe canke abanyurujwe.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire w’Ubushinwa, Wang Yi yasavye abategetsi ba Reta ya Congo gufasha mu gikorwa co kurekura abanyurujwe hamwe n’ukwubahiriza umutekano w’Abashinwa bari muri ico gihugu ku nyungu z’ivyo bihugu vyompi ku bijanye n’ugufashanya.

(AP)