Uburundi Busaba Amerika Gusubira ku vyo Yabuvuzeko

Ntahorwamiye Prosper

Leta y'Uburundi yasohoye itangazo kuri uyu wa mbere ivuga ko yatangajwe kandi yiyamiriza ingingo ikomeza ibihano Amerika yafatiye Uburundi kuva mu 2015.

Umuvugizi wa Reta y'Uburundi Prosper Ntahorwamiye asigura ko ukuvuga ko Uburundi bubangamiye umutekano n’imigenderanire y’Amerika mu makungu bidasiguritse. Ntahorwamiye muri iryo tangazo yasavye Perezida w’Amerika “Kurimbura neza agahagarika ivyo yashikirije” biciye mu ikete ibiro vyiwe vyarungikiye inama nshingamateka hagati y’ukwezi kwa cumi na rimwe.

Muri iryo kete, perezidansi y’Amerika yasiguye ko ibihano Amerika yafatiye Uburundi kuva mu 2015 bibandanya bivuye ku “bwicanyi n’ayandi mabi akorerwa abanyagihugu, uguta mu mvuto bamwe n’abandi, amajambo abiba urwanko, gucanamwo n’ukutihanganirana mu vya politike” Amerika yemeza ko bikivugwa muri ico gihugu.

Umuvugizi wa Reya y’Uburundi mw’itangazo ryiwe yashimangiye ko Uburundi budashobora kuba intandaro y'umutekano muke w'Amerika no kubangamira politike y'amahanga y'ico gihugu. Yibukije ko igihugu ciwe kiza imbere mu kuja gufasha kugarukana amahoro ahavugwa umutekano muke.

Your browser doesn’t support HTML5

Uburundi Busaba Amerika Kwisuzuma ku Ngingo Zafatiwe ico Gihugu