Uburundi Burashavujwe n'Ingingo yo Gutahukana Abasirikare Babwo

Perezida w'Uburundi na mugenzi we wa Somaliya

Umukuru w’igihugu ca Somaliya, Perezida Mohamed Abdullah Mohamed, kuri uno wa kabiri yasozereye urugendo rwiwe rw’iminsi ibiri mu Burundi. Urugendo yatangaje ko rwari rugamije gushimira Uburundi ku butwari bw'abasirikare babwo n'uruhara bagize mu kurwanya umuhari w'iterabwoba wa Al-shabab.

Perezida w’Uburundi Pierre Nkurunziza ku ruhande rwiwe nawe yuhiriye ko yashimishijwe no kwakira mugenzi we wa Somaliya, yongera agaragaza agashavu ku ngingo iherutse gufatwa na Komisiyo y’umuryango w'ubumwe bwa Afurika n’urwego nshingwabikorwa rwawo igamije gutahukana bamwe mu basirikare b'Abarundi bari kugarukana amahoro muri Somaliya.

Perezida Nkurunziza yagize ati:" Ingingo y'ubumwe bwa Afurika Abarundi ntiyatunezereje kandi turazi neza ko itananezereje na Somaliya". Perezida Nkuruniza yavuze ko Uburundi bugiye kwitura ama Leta afise abasirikare muri ico gihugu kugira bace irya n'ino ivy'iyo ngingo.

Mu mpera z’umwaka wa 2018 Komisiyo y’umuryango w'ubumwe bwa Afurika n’urwego nshingwabikorwa rwawo niho vyatangaza ko abasirikare 1000 b’Abarundi bari kugarukana amahoro muri Somaliya babwirizwa gutahukanwa mu gihugu bitarenze igenekerezo rya 28 uku kwezi kwa kabiri.

Inyuma y’iyo ngingo reta y'Uburudi yasavye ubumwe bwa Afrika gusubira ku ngingo yabwo. Mw'itangazo bwanditse, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwasiguye ko impande zose zari zumvikanye ko hatahukanwa abasirikare batarenga 341. Abasirikare b’Abarundi bari kugarukana amahoro muri Somaliya barenga 5000.

Inkuru yateguwe n'umumenyeshamakauru w'Ijwi ry'Amerika mu Burundi Evariste Nizkobanyanka.

Your browser doesn’t support HTML5

Kubera iki Perezida w'Uburundi ashavujwe n'ingingo yo gutahukana abasirikare b'Abarundi bari muri Somaliya