Uko wahagera

Uburundi Busaba Amisom Kutagabanya Abasirikali Babwo


Abasirikare b'Abarundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya.
Abasirikare b'Abarundi bari mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya.

Kuri uyu w’Imana, ubushikiranganji bwo kwivuna bansi mu Burundi bwasohoye itangazo busaba ubumwe bwa Afrika gusubira ku ngingo yo gusaba gukura abasirikare b’abarundi 1,000 mu nteko za Amisom kuva mu ntango z’umwaka uza.

Igisirikare c’Uburundi kivuga ko mu nama yo kuwa 30 ukwezi kwa 11 uyu mwaka hari humvikanywe ko abasirikare bazogabanywa batarenga 341.

Iryo tangazo ryateweko umukono na Colonel Floribert Biyereke, umuvugizi w’igisirirkare c’Uburundi ryiyamiriza ingingo y’umugwi w’ubumwe bwa Afrika ujejwe amahoro n’umutekano yo gusaba igabanywa ry’abasirikare bari mu gikorwa co kugarukana amahoro muri Somaliya.

Umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi ahamagarira inzego zibijejwe gufasha gutorera umuti ico kibazo.

“Twihweje ko ingingo y’umugwi w’ubumwe bwa Afrika isaba igabanywa ry’abasirikare 1,000 b’abarundi bakorera muri Somaliya iteye kubiri n’ingingo y’umugwi mpuzabikorwa ujejwe gutunganya ibikorwa vya gisirikare muri Somaliya. Urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi rurasaba inzego zibifitiye ubushobozi kuvugana n’inzego zifise ububasha kugirango ico kibazo gitunganywe hisunzwe intahe n’ingingo.”

Kuwa 19 uku kwezi kwa 12, umugwi w’amahoro n’umutekano mu muryango w’ubumwe bwa Afrika wandikiye igisata c’ibiro vya ONU birangurira ibikorwa muri Amisom usaba igabanywa c’abasirikare 1,000 b’abarundi gushika mu mpera z’ukwezi kwa kabiri umwaka uza.

Uwo mugwi uvuga ko iryo gabanywa riri mu ntumbero yo gushira mu ngiro ivyasabwe n’ingingo ya 2431 y’akanama ka ONU kajejwe umutekano kw’isi. Iyo ngingo itegekanya guha buhoro buhoro inzego z’umutekano za Somaliya ububasha bwo kwitunganiriza ivyerekeye umutekano w’igihugu cazo.

Ibihugu bifise ingabo muri Amisom ni bitanu gushika ubu. Navyo ni Ubuganda, Uburundi, Kenya, Ethiopia na Djibouti.

Igihugu c’Uburundi kigira kabiri mubifiseyo abasirikare benshi inyuma y’Ubuganda. Ubu ingabo z’abarundi ziriyo zirenga ibihumbi bine n’amaja icenda.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG