Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu Burundi akaba aherutse kwagariza abakuru b’ imihari itavuga rumwe na reta, Agathon Rwasa na Leonard Nyangoma, ko aribo bari inyuma y’ ivyo bitero.
Uwo mushikiranganji akaba yaravuze ko, kugira ngo umutekano ugaruke mur’ ako karere hanyuma abanyagihugu baruhuke, ngo Uburundi buzokora ibishobotse vyose mu gufata abantu bakora ivyo bitero n’ abari inyuma yavyo. Yavuze ko Uburundi bushobora no kuzokoresha inguvu mu kuja guhiga no gufata Agathon Rwasa mu gihugu kibanyi c’ Uburundi, Republika iharanira demokrasi ya Congo, aho bivugwa ko Agathon Rwasa ari mu buhingiro.
Mu kiganiro twagize n’ umushingantahe Achille Barancira yize ivyerekeye politike, yavuze ko we yiyumvira ko ico kibazo gikwiye gutoregwa inyishu iciye mu biganiro, ko gukoresha inguvu bizovyura izindi ngorane.