Sentare Yubahiriza Ibwirizwa Nshingiro Yemeje Intsinzi ya Ego mu Burundi

Perezida w'Uburundi

Sentare yubahiriza ibwirizwa Shingiro mu gihugu c’Uburundi yashize ahabona ibiharuro ntabanduka vyavuye mu matora yo guhakana n’ukwemeza ibwirizwa nshingiro rihinyanyuye.

Iyo sentare yemeje ko "Ego" yatsinze ku bice birenga 70 kw’ijana "OYA" nayo ironka ibice birenga 19 kw’ijana. Charles Ndagijimana arongoye iyo sentare igihe yatangaza iyo ngingo, yamenyesheje ko ibirego vy’urunani Amizero y'Abarundi rwitwaye rusaba ko ayo matora asubirwamwo basanze bitagira ifatiro.

Urunani Amizero y'Abarundi rwari rwatanze ibirego vyarwo kw'igenekerezo rya 24 rusigura ko ayo matora yaranzwemwo utunenge twinshi harimwo amajwi ya ''Oya" yahindurwamwo "Ego". Muri urwo runani bavuze ko bitangaje kubona iyo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yemeza ivyavuye mu matora imbere yo kuronswa inyishu ku birego vyarwo.