Perezida Nkurunziza Yemeza ko Uburundi Bwatewe n'u Rwanda

Perezida w'Uburundi Pierre Nkurunziza (i bubamfu) na Perezida Paul kagame w'u Rwanda ( i Buryo)

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Pierre Nkurunziza yagirije u Rwanda ko ari rwo rwagavye igitero ku basirikare b’Abarundi mu ntara ya Cibitoke mu kwezi kwa cumi na rimwe uno mwaka.

Mu kiganiro ku bamenyeshamakuru n’abanyagihugu kuri uno wa kane mu ntara ya Gitega mu Burundi, Perezida Nkurunziza yavuze ko Reta aramustwa ifise ivyemezo bihagije.

Your browser doesn’t support HTML5

Nkurunziza: Abanyarwanda Bicare Bazi ko Abarundi Bazokwishuza Urubanza Rwabo


Igitero co mu Cibitoke Perezida w’Uburundi yemeje ko cagabwe n’u Rwanda kikiba mu kwezi kwa cumi na rimwe, Umunyamabanga wa Reta mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y'u Rwanda n'ayandi makungu, Ambasaderi Olivier Nduhungirehe, yamiriye kure ivyo vyagiriji yongera avuga ko ata gishasha u Rwanda rusanga mu mvugo y’Uburundi.

Your browser doesn’t support HTML5

Nduhungirehe: Nta Gishasha ku vy'Agiriji vy'Uburundi


Ishirahamwe mpuzamakungu ry’ibihugu bigize ibiyaga binini vya Afurika, CIRGL, ni ryo ryagenywe ngo rikore amatohoza kuri iyo dosiye y'u Rwanda n'Uburundi ku gitero ca mabayi. Abagize uwo murwi bari basabwe ko boba batanze raporo yabo igenekerezo rya 10 uku kwezi kwa cumi na kabiri.