Izindi Mpunzi z'Abarundi 230 Zatahutse Zivuye muri Tanzaniya

Kuri uyu wa kane Abarundi 230 bari barahungiye mu gihugu ca Tanzaniya mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mtendeli batahukanywe mu Burundi.

Abo bose bari biyandikishije ku bushake bagiye mu ntara za Makamba, Rutana na Ruyigi mu gihugu c’ amavuko c'Uburundi.

Bamwe mu bahaye ikiganiro Ijwi ry’ Amerika bemeza ko badatahuka ku munezero ahubwo biterwa n'amabi bakorerwa nko kuburabuzwa hamwe n’ inama zama zabaye mu nkambi zibahimiriza gutaha. Bavuga ko ivyo bituma biyandikisha ku bwinshi naho ico bahunze gisa nk'ikitarakemuka.

Muri uyu mwaka 2021 haramaze gutaha abarenga gato 5500 mu bitigiri bitangwa na HCR.

Ibitigiri vyatanzwe na HCR itariki 31 yu kwezi kwa gatatu uyu mwaka wa 2021 vyerekana ko impunzi z’ Abarundi zisigaye mu gihugu ca Tanzaniya ari 163,742. Mu nkambi ya Nduta hasigayemwo 65,468 Nyarugusu 44,233 na Mtendeli 25,506.

Your browser doesn’t support HTML5

Impunzi z'Abarundi 230 Zatahutse