Abasivile Bane Baguye mu kindi Gitero Al-Shabab Yagavye muri Kenya

Ikarata ya Kenya yerekana Kaminuza ya Garissa

Abasivile bane baguye mu gitero umurwi w'intagondwa al-Shabab wagavye mu ntara ya Garissa iri mu buseruko bwa Kenya hafi y’urubibe na Somaliya.

Polisi ya Kenya yatangaje ayo makuru yemeje ko yishe babiri mu bagavye ico gitero.

Igitero c’uno musi ku wa kabiri gikwirikiye icagabwe ku wa Mungu na al-Shabab mu kibanza ca gisirikare gikoreshwa n’inteko z'Amerika na Kenya kiri hafi y’urubibe na Somaliya. Ni igitero cahitanye abasirikare b'Amerika batatu.