Uko wahagera

Ikambi ya Gisirikare y'Abongereza muri Kenya Yoba Yarigiye Guterwa?


Ikarata ya Kenya

Igipolisi c’igihugu ca Kenya gitangaza ko cahagaritse abantu 3 bikekwa ko ari intagondwa bariko bagerageza kwinjira mu kibanza kigirirwamwo imyimenyerezo ya gisirikare c’Abongereza kiri ahitwa Laikipia.

Abategetsi mu vy'umutekano muri ico gihugu bemeje ko abo bafashwe bariko bagerageza kwinjira muri ico kibanza igihe Al-Shabab yariko iragaba igitero cahitanye abasirikare b'Amerika batatu.

Ico gitero kw'ikambi ya gisirikare y'Abanyamerika iri ahitwa Lamu cabaye ku munsi wa Mungu ni co gitero ca mbere al-Shabab igavye ku nteko z'Amerika ku butaka bwa Kenya.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kenya, Paul Njuguna avuga ko ata Banyakenya baguye muri ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG