Amwe mu Mafoto y'Ivyaranze Ishingurwa rya Papa Benedigito wa 16

Isandugu irimwo Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16, iherekejwe na bamwe mu bihebeye Imana.

Isandugu irimwo Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16 ishikanwa kuri yarutari imbere y'uko Papa Fransisiko ahereza Imisa yo kumusezera.

Kardinali Giovanni Battista ahezagira isandugu irimwo ikiziga ca Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16. Kardinali Giovanni Battista aza ubwa kabiri mu ba Kardinali bakuze gusumba abandi mu myaka.

Arkebishopi Georg Gaenswein asoma igitabo c'amazaburi cageretswe ku sandugu ishinguyemwo Papa Benedigito wa 16. Archbishopi Georg Gaenswein yari umunyamabanga mukuru wa Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16.
Arkebishopi Georg Gaenswein agereka igitabo c'amazaburi cageretswe ku sandugu ishinguyemwo Papa Benedigito wa 16. Archbishopi Georg Gaenswein yari umunyamabanga mukuru wa Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16.
Bamwe mu bakirisu baje i Vatikano guherekeza ubwa nyuma Papa Benedigito wa 16.
Bamwe mu bakirisu baje i Vatikano guherekeza ubwa nyuma Papa Benedigito wa 16. Bari bafise icapa canditseko amajambo asaba ko agirwa Umweranda bidatevye "Santo Subito", "Mugire Umweranda Bidatevye"
Papa Fransisiko mu misa yo guherekeza Papa Benedigito wa 16.
Bamwe mu bakirisu baje i Vatikano guherekeza ubwa nyuma Papa Benedigito wa 16, bafise ifoto yiwe n'Umuvyeyi Bikira Mariya.
Isinzi ry'abakirisu baje i Vatikano guherekeza ubwa nyuma Papa Benedigito wa 16.
Papa Fransisiko (Hagati) arorera ingene Kardinali Giovanni Battista ahezagira isandugu irimwo ikiziga ca Papa Benedigito wa 16
Pope Fransisiko mu misa yo guherekeza ubwa nyuma Papa Benedigito wa 16
Uwuri hagati kuri iyo foto, ni Prezida w'Ubudagi, Frank-Walter Steinmeiercenter, uwa gatatu mu bari i buryo bwiwe ni shanseriyeri w'Ubudagi, Olaf Scholz. Twibutse ko Papa Benedigito wa 16 yava mu Budagi.
Abasenyeri baherekeje Papa Benedigito wa 16.
Umwami w'Ububirigi, Philippe n'umwamikazi wiwe Mathilde nabo bari mu baje guherekeza Papa Benedigito wa 16.
Papa Fransisiko mu gatebe yiyungururizamwo, inyuma yo guhereza inkuka ya misa yo guherekeza mugenzi wiwe Papa Benedigito wa 16.
Papa Fransisiko akora kw'isandugu yarimwo Nyakwigendera Papa Benedigito wa 16.
Isandugu Yashinguwemwo Papa Benedigito wa 16.