Igiporisi muri Hayiti cavuze kuri uyu wa mbere ko abantu 10 bakekwa kuba abo mu mugwi w’abasuma ugushibije batemaguwe kandi bongera baraturirwa n’abanyagihugu ku murwa mukuru Port-au-Prince.
Umuvugizi w’igiporisi ca Hayiti, Gary Desrosiers yavuze ko umurwi w’abasuma bitwaje inkoho bishwe bakuwe mu modokari bariko bagenderamwo ku murwa mukuru. Bishwe haheze imisi abajejwe umutekano batana mu mitwe n’iyo mirwi y’abasuma.
Amasanamu ya videwo yakwirakwijwe ku mbuga hwaniro yerekanye ibiziga birunze mw’ibarabara hamwe n’amapine hejuru.
Imirwi y’abasuma muri Hayiti yatanguye kugira inguvu kuva mu 2021 Perezida Jovenel Moise yishwe. Igenzura hafi ibice 80 kw’ijana vy’umurwa mukuru Port-au-Prince.
Reta ya Hayiti hamwe n’abategetsi bo muri ONU basaba ko harungikwa inteko mvamakungu zija gufasha igiporisi kurwanya abo basuma. (AFP)