Uko wahagera

Amerika Yafashe Abandi Bane Bagirizwa Kwica Prezida Jovenel Moise wa Haiti


Isanamu y'uwahoze ari prezida wa Haiti, Jovenel Moise
Isanamu y'uwahoze ari prezida wa Haiti, Jovenel Moise

Ubushikiranganji bwa Reta zunze ubumwe za Amerika bw’ubutungane bwatangaje abandi bantu bane bwahagaritse kuri uyu wa kabiri, mu ruhara bagize mw’iyicwa rya prezida wa Hatiti Jovenel Moise. Mu bafashwe harimwo umunyamerika yatanze uburyo bw’amafaranga muri ico gikorwa.

Arcangel Pretel Ortiz, Antonio Intriago, Walter Veintemilla na Frederick Bergmann bagirizwa kuba mu bagize uruhara mu bwicanyi bwo kw’itariki ya 7 y’ukwezi kw’indwi, 2021. Jovenel Moise yishwe n’umurwi w’abanyekolombiya bahawe imyimenyerezo ya gisirikare kandi bahawe ico gikorwa n’abanyehayiti baba muri reta ya Florida, mu bumanuko bwa Amerika.

Baciye biyongera ku bandi indwi baza baramaze kwagirwa n’ico caha, barimwo bane barungitswe muri Amerika mu kwezi guheze kuburanishirizwayo.

Mu gihe bokwagirwa n’icaha, bashobora kuzofungwa ubuzima bwabo bwose.

Amerika ivuga ko yafashe mu minwe uru rubanza kuko umugambi wo kugandagura Prezida Jovenel Moise wateguriwe ku butaka bwayo, muri reta ya Florida. Ivuga kandi ko wateguwe n’abanyamerika bafise amamuko muri Haiti. (AFP)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG