Amerika: Abantu 7 Bishwe Barashwe mu Bumanuko bwa San Francisco

Abantu indwi baraye bishwe n’umuntu umwe mu bibanza bibiri bitandukanye aharimirwa ingemwe z’ikizinu hamwe n’ahadandarizwa amakamyo n’ivyuma vyayo mu gisagara ca Half Moon Bay mu bumanuko bwa San Francisco. Uwukekwa gukora ubwo bwicanyi yafashwe.

Abategetsi bo muri komine ya San Mateo bavuga ko bane barasiwe aho harimirwa ikizinu, batatu nabo barasirwa ahadandarizwa ivyo vyuma vy’amakamyo. Ntibiramenyekana nimba ivyo bibanza bibiri vyarasiwemwo abo bantu bifitaniye isano.

Igisagara ca Half Moon Bay, kiri ku birometero 48 mu bumanuko bwa San Francisco.