Uko wahagera

USA: Abanyeshure 2 Bishwe Barashwe muri Reta ya Iowa.


School Shooting Des Moines
School Shooting Des Moines

Muri Reta zunze ubumwe za Amerika, igiporisi co mu gisagara ca Des Moines, umurwa mukuru wa reta ya Iowa cavuze ko abanyeshure babiri bishwe barashwe uwundi mukozi umwe arakomereka kw’ishure ryo muri ico gisagara kuri uyu wa mbere.

Abo banyeshure babiri bapfuye bageze kwa muganga, uwakomeretse nawe yaciye atwarwa kuvurirwa kuri ivyo bitaro nyene. Uwishe abo banyeshure hamwe n'icabimutumye ntibiramenyekana.

Bugize gatandatu kuva umwaka utangura haba ukurasa ku mashure muri Reta zunze ubumwe za Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG