Abacamanza mu Bwongereza Bariga ku Mugambi wo Kurungika Abimukira mu Rwanda

Abimukira bafatiwe mu bwato bariko bagerageza kwinjira mu Bwongereza

Abacamanza ba sentare ntahinyuzwa y’i Londres mu Bwongereza kuri uyu wa mbere niho bafata ingingo nimba umugambi wa reta wo kurungika mu Rwanda abasaba ubuhungiro vyemewe n’amategeko.

Ni mu gihe umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak iyi dosiye ishobora kubangamira kazoza kiwe muvya poritike haruhande y'ubwinshi bw’abimukira barushiriza kwisuka muri ico gihugu baje mu mato matomato.

Amasezerano yasinywe mu kwezi kwa kane, Ubwongereza butegekanya kurungika mu Rwanda ibihumbi vy’abimukira bashikira ku nkengera z’amazi yabwo batubahirije amategeko.

Indege yari itegekenijwe gutwara umurwi wa mbere w’abo bimukira yarahagaritswe ku munota wa nyuma bivuye kuri sentare ya buraya y’agateka ka muntu. Mu nyuma sentare ntahinyuzwa y’i Londres biba ngombwa ko ifata mu minwe ico kibazo.