Centrafrika: Ibiganiro vy'Amahoro Vyarangiye ata Kivuyemwo

Perezida Faustin Archange Touadera wa Centrafrika

Ibiganiro vy’amahoro muri Repubulika ya Centrafrika vyarangiye kuri uyu w’Imana ata ntambwe ziboneka zatewe. Ibi biganiro vyatanguye ku musi wa mbere, ariko nta mihari yitwaje ibirwanisho yavyitabiriye kandi n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi baranse kwitaba ubutumire bahawe na reta.

Perezida Faustin Archange Touadera yemereye abanyagihugu mu 2020, inyuma yo gutsinda amatora, gutunganya ibiganiro vyo gusubiza hamwe abenegihugu.

Abahinga mu karere bavuga ko ibi biganiro vya mbere kwari ukugerageza kwikundwakaza ku makungu, mu gihe ico gihugu kiri mu bihano vyo kutagura ibirwanisho cafatiwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu 2013.

Perezida Touadera yamye yemera ko azogarura amahoro mu gihugu biciye mu biganiro.