Amakenga y'Igikekwa Gusa na Kudeta muri Burkina Faso

Ivyuka bikoroza amosozi vyatewe abari mu myiyerekano i Ouagadougou muri Burkina Faso

Muri Burkina Faso, ejo kuw’Imana hazindutse humvikana amasasu menshi mu makambi y’abasirikare, bituma haba ubwoba ko hoba hariko haba kudeta. Umumenyeshamakuru yashoboye gucengetera no kumenya neza na neza ivyabaye yavuze ko abo basirikare basaba guhabwa abasirikare bakwiye bo guhangana n’iterabwoba, hamwe n’amafaranga akwiye muri ivyo bikorwa.

Abasirikare bavuga kandi ko bakeneye ko ibiro vy’iperereza hamwe n’ibiro bikuru vy’intwaramiheko bitwara n’abasirikare. Basaba kandi kwitaho neza bagenzi babo bakomerekera ku rugamba hamwe n’imiryango y’abasirikare bapfiriye mu ntambara. Basaba guhabwa imyimenyerezo ya gisirikare iri ku rugero rw’uburemere bw’urugamba rw’iterabwoba barimwo no kudahindagura buri gihe imirwi iri ku rugamba.

Ibi vyasabwe n’abasirikare vyatanzwe n’umusirikare w’ipete rya Kapitene atashimye ko izina ryiwe rimenyekana.

Burkina Faso iri mu ntambara n’imihari y’iterabwoba ishamikiye kuri al-Qaida n’umuhari wa reta ya kiyisilamu kuva mu 2015.

Mw’ijambo yashikirije kuri uyu w’Imana kuri televiziyo y’igihugu, umushikiranganji wa Burkina Faso wo kwivuna abansi, Aimé Barthélemy Simporé, yavuze ko perezida adapfunzwe nkuko hari ababikwiragije nk’ibihuha. Yavuze kandi ko ikiri inyuma y’uku kurasa kw’abasirikare kitaramenyekana.