RDC: Abapfiriye mu Mazi muri Kivu Biyongereye Gushika kuri 22

Igitigiri c’abapfiriye mu bwato bwazamye mu mazi mu ndwi iheze muri Republika ya demokarasi ya Kongo biyongereye gushika kuri 22. Ni inyuma y’aho ibindi biziga bikuriwe mu kiyaga Kivu kuri uyu wa kabiri.

Abategetsi bavuze mu ndwi iheze ko abantu umunani ari bo bapfiriye mu mazi, igihe ubwato barimwo bwashwanyukamwo kabiri ku musi wa kane, burimwo abantu hamwe n’ibidandazwa.

Ariko ku musi wa mbere, ibindi biziga bitanu vy’abantu vyaratowe, mu gihe kuri uyu wa kabiri abandi icenda batowe. Ibi vyavuzwe na Dede Mwamba, umutegetsi mu karere ka Kalehe. Ibi vyaciye bishikana igitigiri ca 22 bapfiriye muri iryo sanganya. Mu bantu 145 bari muri ubwo bwato, 111 barashoboye kurokoka, abandi barenga 10 ntibaramenyekana irengero.

Ikiyaga kivu kiri ku rubibe Republika ya demokarasi ya Kongo ihana n’u Rwanda, kandi ni inzira icamwo benshi mu gihe amabarabara yononekaye. Mu 2019, isanganya ry’ubwato ryahitanye abantu hafi 100 muri ico kiyaga, ivyatumye Perezida Felix Tshisekedi ategeka ko ingenzi zose zica mu mazi zikwiye kuzoza zigenda zambaye udukoti dutuma batibira igihe habaye isanganya. (AFP)