Idriss Deby Yatsindiye Gutwara Manda ya Gatandatu

Perezida wa Cadi, Idriss Deby Itno, yongeye gutorwa kurongora igihugu, kuri manda ya gatandatu ku majwi 79.32 kw’ijana mu matora yabaye kw’itariki 11 y’ukwezi kwa kane, nkuko biharuro vy’imfatakibanza vyasohowe n’umugwi w’igihugu ujejwe amatora kuri uyu wa mbere vyavyerekanye.

Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere, Albert Pahimi Padacke yafashe ikibanza ca kabiri ku majwi 10.32 kw’ijana.

Ibi biharuro vy’imfatakibanza biracarindiriye kwemezwa na sentare ntahinyuzwa y’igihugu.

Abakandida icenda nibo bari bahanganye na Deby, ariko batatu bahisemwo kuyavamwo bahamagarira n’abanywanyi babo kutaja gutora, ariko sentare ntahinyuzwa yahisemwo kugumiza amazina yabo mw’ihiganwa.

Deby yiyamamaje yemerera abanyagihugu amahoro n’umutekano mu gihugu ciziziwe n’intagondwa zigendera ku vyiyumviro vya kiyisilamu.

Igisirikare ca Cadi cavuze kuri uyu wa mbere ko cishe abarobeli barenga 300 binjiriye mu buraruko bw’igihugu inyuma y’umusi w’amatora.