Uko wahagera

Tchad: Idriss Amaze Imyaka 30 ku Butegetsi Ashaka Manda ya 6


Perezida Idriss Deby
Perezida Idriss Deby

Abanyagihugu muri Tchad bazindukiye mu matora y’umukuru w’igihugu. Marechal Idriss Deby amaze imyaka 30 ku butegetsi ariko ayaronderamwo manda ya gatandatu.

Umurwi utunganya amatora muri ico gihugu mu bitigiri vyayo, werekana ko abiyandikishije gutora bagera ku miriyoni indwi n’ibihumbi amajana atatu. Ku murwa mukuru N'Djamena abenshi yamara naho biri uko ntibayahurumbiye: Bavuga ko bahangayikishijwe ahanini n’ubukene, ukubura amazi n’umuyagankuba, basigura ko Perezida Idriss Deby atashoboye gukemura muri iyo myaka amaze ku butegetsi.

Itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, ritangaza ko ubutegetsi bwaburijemwo imyiyerekano yari imaze iminsi itegurwa n’abatavuga rumwe nabwo, buvuga ko ari mu ntumbero yo kurinda ikiza ca Virusi ya Corona. Kuva ejo ku wa gatandatu, amabarabara y’umurwa mukuru wa Tchad acungerewe n’abajejwe umutekano.

Perezida Déby yiyamamaje avuga ko umugambi wiwe nyamukuru ari ugukomeza amahoro n’umutekano, ahanganye n’abakandida batandatu. Abagize urunani rw’abatavuga rumwe na Reta bari mu migambwe 15 bari bavuze ko bazoja hamwe bagatanga umukandida umwe ahigana na Déby, biza kubapfana ari uko sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ivuze ko badakwije ibisabwa vyo kwitoza.

Ibizova mu matora yo kuri uno wa Mungu bizomenyekana igenekerezo rya 25 uku kwezi kwa kane.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG