ADF Ikekwa Kwica Abasivile 10 mu Buseruko bwa RDC

Abarwanyi bakekwa kuba abo umuhari w’abarwanyi bafise amamuko muri Uganda, ADF, barishe abasivile 10 mu bitero vyabaye mu majoro abiri mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Kongo.

Umuvugizi w’igisirikare ca Kongo, Lieutenant Jules Ngongo, yavuze kuri uyu w’Imana ko abo barwanyi bacagaguye ibihimba vy’imibiri y’abanyagihugu 8 mu mihana ya Boyo, mu buraruko bushira ubuseruko bw’intara ya Ituri. Yongeyeko ko bishe barashe abandi basivile babiri i Kainama kandi ko abasirikare bari mu ruhigi rw’abo.

Abategetsi bo ku mitumba vyabereyeko bemeje ko ivyo bitero bibiri vyabaye, bavuga kandi ko n’amazu yaturiwe.

Agasagara ka Kainama kari mu buraruko bw’intara ya Kivu y’uburaruko, ku rubibe n’intara ya Ituri. Izo ntara zose uko ari zibiri zo mu buseruko bwa Kongo zihana urubibe na Uganda.

Umuhari ADF ugizwe n’abarwanyi bagira ku mwumvire ya kiyisilamu bashize ikirindiro cabo mu buseruko bwa Republika ya demokarasi ya Kongo kuva mu 1995. Bagirizwa kuba barishe abasivile barenga 800 mu mwaka uheze mu ntara za Kivu y’uburaruko n’iy’ubumanuko.