Uko wahagera

Zuma Yarekuwe vy'Agateganyo Kugira Ashingure Mwene Wabo


Uwahoze ari prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma
Uwahoze ari prezida wa Afurika y'Epfo Jacob Zuma

Jacob Zuma yahoze ari Prezida wa Afurika y'Epfo, araza gufungurwa vy'agategekanyo kugira aje gushingura mwene wabo. Abatwara ibohero afungiwemwo ku vyaha vyo kugaya no kwihoza ubutungane basiguye ko bamutezuriye gato, nk’imfungwa yaciriwe umunyororo w’imyaka mike kandi ata ngorane babona ugusohoka kwiwe kwotera.

Mw’itanganzo ibohero afungiwemwo ryasohoye ryavuze ko abahawe amahirwe nk’ayo yahawe batabwirizwa gusohoka bambaye impuzu z’abanyororo. Muri Afurika y’Epfo, akenshi imfungwa isavye uruhusha rwo kuja gushingura uwayo iraruhabwa. Gusa, ubwo burenganzira ntibwigeze buhabwa Nelson Mandela yabaye prezida wa mbere yirabura muri ico gihugu.

Michael mwene wabo na Zuma yashengeye ku myaka 77 azize ingwara yari amaranye igihe kirekire itatangajwe. Bitegekanijwe ko aza gushingurwa mu buseruko bw’igihugu ahitwa Nkandla, akarere Zuma akundwamwo cane.

Jacob Zuma yaciriwe umunyoro w’amezi 15 ku vyaha vyo kwihoza no kugaya ubutungane. Ni umunyororo yaciriwe inyuma yo kwanka kwitaba abariko bamukorako amatohoza ku vyaha yakomeje kwagirizwa. Ugufungwa kwiwe kwateye imvururu mu bamushigikiye, guhitana abarenga 275.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG