Uko wahagera

Zimbabwe: Yegereyegere y'Abanganga Basaba Gukingirwa Corona


Imyiyerekano y'abaganga muri Zimbabwe basaba kwongerwa umushahara no kuronswa ibikoresho bikwiye mu 2019
Imyiyerekano y'abaganga muri Zimbabwe basaba kwongerwa umushahara no kuronswa ibikoresho bikwiye mu 2019

Abaganga bo mu bitaro vya Reta mu gihugu ca Zimbabwe bagararije akazi uno musi ku wa gatatu ku vyo bavuga ko ari ukutaba bafise ibikoresho bihagije vy’ukwikingira umugera wa Corona.

Ni mu gihe uwo mugera utanguye gukwiragira mu gihugu aho igisata c’amagara y’abantu gisa n’icasenyutse.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abaganga muri Zimbabwe, Tawanda Zvakada, yatangaje ko abaganga ari bo bashobora kwandura umugera wa Corona kurusha abandi. Yamenyesheje ko bazosubira ku kazi mu gihe Reta yafata ingingo zikwiriye, harimwo inyambaro n’ibindi bikoresho vy’ukwikingira uwo mugera.

Zvakada avuga ko muri iki gihe ata n'umwe abitayeho. Abaganga amajana n’amajana bari basubiye ku kazi mu kwezi kwa mbere inyuma yuko bagararije akazi mu kiringo c’amezi ane. Basaba kwongererezwa umushahara n’ukuronswa uburyo bwiza kurushiriza bw’ugukoreramwo.

Abategetsi ba Zimbabwe bamenyesha ko abantu 3 bamaze kwandura umugera wa Corona mu gihugu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG