Uko wahagera

Zimbabwe: Abakozi ba Reta Basabwa Kwicandagisha Canke Gutanga Imihoho


Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa
Prezida wa Zimbabwe Emmerson Mnangagwa

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu wa Zimbabwe, Ziyambi Ziyambi, yatangaje ko abakozi ba reta basabwa gufata incanco z'ukwikingira Covid-19 canke batange imihoho.

Zimbabwe imaze gucandaga gushika ubu abantu imiliyoni zibiri n’ibihumbi amajana indwi. Yihaye kuba imaze gukingira abantu imiliyoni 15 mu mpera z’uyu mwaka.

Reta ya Prezida Emmerson Mnangagwa itangaza ko yaguze incanco z’ukwirinda ikiza ca Covid-19 z’agaciro k’imiliyoni 12 zivuye mu gihugu c’Ubushinwa.

Umushikiranganji ajejwe amagara y’abantu, Ziyambi Ziyambi yatangaje ko abanyazimbabwe batazotegekwa kwicandagisha ku nguvu, ko yamara abakora mu gisata ca reta bategerezwa gukingira abanyagihugu mu kwicandagisha.

Ntiyamenyesheje ko bazohana abakozi ba reta bazokwanka kwicandagisha. Yamara yavuze ko botegerezwa gutanga imihoho.

Reta ya Zimbabwe ikoresha abantu barenga 20.000. Abigisha ni bo bagize igitigiri kinini muri bo. Ziyambi yavuze ko hazogera igihe batazoba bashaka abigisha baticandagishije.

Abantu banduye umugera wa Covid-19 bemejwe na reta ni 12.5671, mu gihe abamaze gupfa ari 4493 kuva ikiza ca Covid-19 gitanguye kwiyadukiza mu mwaka urangiye. Abarenga ica kabiri muri bo bapfuye mu mezi abiri arangiye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG