Uko wahagera

Zambiya mu Matora Afatwa nk'Igipimo ca Demokarasi


Bamwe mu Banyazambiya mu Matora
Bamwe mu Banyazambiya mu Matora

Abanyazambiya bitavye amatora y'umukuru w'igihugu uno musi ku wa kane mu bibonwa nk'igipimo ca demokrasi.

Igikorwa c’ugutora catanguye mu masaha ya kare y’uno musi ku wa kane mu matora y’umukuru w’igihugu n’ay’abashingamateka mu bibanza birenga 12,000 harimwo n’amabohero. Abantu barenga imiliyoni 7, ni ukuvuga ibice birenga 83 kw’ijana vy’abemerewe gutora, bariyandikishije kugira batore, nkuko bishikirizwa n’umurwi w’igihugu ujejwe amatora.

Prezida Edgar Lungu afise icizere c’ugutsinda amatora afatiye ku migambi y’iterambere yashize mu bikorwa hamwe n’imfashanyo y’imbuto n’ibitabizo yahaye abarimyi imiliyoni n’imiliyoni mu gihugu. Yamara amahirwe yiwe ashobora kugeramirwa n’ibibazo bikomeye vy’ubutunzi igihugu kirimwo. Lungu, yashitse ku butegetsi mu mwaka w’i 2015, yatoye ku murwa mukuru, Lusaka. Atangaza ko umugambwe wiwe, Patriotic Front uzotahira intsinzi.

Yasavye abanyagihugu kwitaba amatora hanyuma bagataha mu ngo zabo kurindira mu mahoro ibizoba vyavuye mu matora.

Buzoba ari ubugira gatandatu uwo bahiganwa, Hakainde Hichilema, afise imyaka 59 muri iki gihe, arondera kwitoza mu mabanga y’umukuru w’igihugu. Amenyesha ko nk’umurwizatunga azoshobora gutuma imitahe iza mu gihugu, kandi atunganya neza kurushiriza ubutunzi bw’Abanyazambiya, akongera akarandurana n’imizi ruswa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG