Uko wahagera

Yemeni: Abarwanyi b'Abahuthi Bashobora kwigarurira Umuji wa Marib


Igisagara ca Marib

Muri Yemeni, abarwanyi b'abahuthi umwanya n'umwanya bashobora kwigarurira igisagara ca Marib, gikomeye mu vyo batari bwafate. Abahinga bavuganye n’itororokanirizo ry’amakuru y’abafaransa, AFP, basiguye ko abo barwanyi bakaramuka bafashe ico gisagara kiri mu buraruko bwa Yemeni, impunzi zirenga imiriyoni 2 zegeranirijwe mu makambi ari muri ico gisagara zishobora kugira ibibazo.

Umwe mu basesanguriye AFP yagize ati: “ Ukwigarurira Marib bitanga ishusho itabesha ya kazoza ka Yemeni”: Abahouti bakigarurira ico gisagara mu ntambara zibandanya kubahuza n’ingabo za Reta, bisigura ko bazoba batsindiye akarere karimwo ibitoro n’ubutare bw’agaciro, gutyo ibi bibahe inguvu n’ikibanza gikomeye mu biganiro vyose vy’amahoro vyoba.

Igisagara ca Marib ni co conyene mu bikomeye gisigaye mu vyo abarwanyi b’abahuthi batarigarurira. Ingabo za Reta n’abo barwanyi bamaze imyaka ishika kuri itandatu barwanira kugenzura ico gisagara. ONU ivuga ko intambara ya Yemeni iri mu ntambara za mbere zigisibije kw’isi yose. Ni intambara yangaje imiriyoni n’imiriyoni z’abanyagihugu, yongera ikwega inzara nyinshi.

Mu gihe ibice 80 % vy’abanyagihugu ba Yemeni babeshejweho n’imfashanyo ziva hanze y’igihugu, abarwanyi b’abahuthi basaba ko ikibuga c’indege co ku murwa mukuru, Sanaa, cugaye kuva mu 2016, congera kugururwa. Muri kuno kwezi kwa cenda gusa, abarwanyi baharurwa mu majana baraguye mu gutana mu mitwe kubandanya kubahuza n’ingabo za Reta

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG