Uko wahagera

Yemeni: Abarwana Ntibahuza ku Biganiro vy’Amahoro


Ugucanamwo hagati y’imigwi iriko irarwana muri Yemeni vyatumye bigorana kwongera gutumako ibindi biganiro vy’amahoro hagati y’abashamiranye mur’ico gihugu.

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Yemeni Ismail Ould Cheikh Ahmed yamenyesheje ejo kuwa gatatu ko izo mpande zitumvikana kukibazo c’uko ibindi biganiro vyotumwako imigwano ibanje guhagarara canke ikibandanya. Ivyo yabitangarije inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano.

Cheikh Ahmed yabwiye abanyamakuru ko yizera ko ibind biganiro bizoba mu kwezi kuza. Ati uravye ingene ibijanye na politike vyifashe ninkenerwa ko ivyo biganiro vyihutishwa.

Yamenyesheje ko intambara hagati y’abarwanya reta bashigikiwe na Arabiya Sawudite hamwe n’aba Isilamu b’aba Shiite b’aba Houthi bashigikiwe na Irani zimaze guhitana abanyagihugu ba Yemeni bashika 6,000 mugihe abarenga ibihumbi 35 bamaze gukomereka.

Inyubakwa z’igihugu zarasambuwe, ndetse imiryango yarasanzaye.

XS
SM
MD
LG