Uko wahagera

USA: Ubwigenge bwo Kumenyeshamakuru Burageramiwe


Bamwe mu banyagihugu bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’ugutangaza amakuru
Bamwe mu banyagihugu bahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’ugutangaza amakuru

Mu gihe amakungu ahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bw’ugutangaza amakuru, umurwi w’amashirahamwe aharanira ubwigenge bw’itangazamakuru uriko usaba gukwirikiranira hafi ibibazo abamenyeshamakuru bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bahanganye navyo.

Icegeranyo c’uwo murwi gitanga uburorero butari buke bw’abemenyeshamakuru bageramirwa mu gikorwa cabo, harimwo gukwirikirana abasohora amakuru yagizwe ibanga, kwambika iceyi abanyepolitike, n’ugukubagura abamenyeshamakuru bitera vyiyongera ku gihugu.

Uwo murwi w’amashirahamwe aharanira ubwigenge bw’itangazamakuru umenyesha kw’ivyo bitageramira gusa ubwo bwigenge muri Amerika, ko bifise n’ingaruka no mu makungu.

Ayo mashirahamwe yamara amenyesha ko naho hari ivyo bibazo ku bamenyeshamakuru muri Amerika muri iki gihe, ibwirizwa shingiro ryaho rikingira uburenganzira bwabo ku buryo itangazamakuru ryo muri Amerika riri mu yigenga kurusha ayandi kw’isi.

Ayo mashirahamwe atangaza kw’imvugo ikoreshwa na Prezida Donald Trump ko amakuru ashikirizwa n’itangazamakuru ari ibinyoma, afatirwako akarorero n’abategetsi b’ibindi bihugu harimwo prezida wa Venezuela, Nicholas Maduro, prezida wa Siriya, Bashara al-Assad n’umutegetsi w’igihugu ca Myanmar, Aung San Suu Kyi. Gutoteza abajejwe itangazamakuru biriko bigeramira uburenganzira bw’ugushikiriza amakuru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG