Uko wahagera

Uburusiya Bwibasiye Ibitangazamakuru By'Amerika


Ibitangazamakuru bigera kuri icenda vyo muri Amerika bigiye kuja bifatwa nk’ibikorera inyungu za Amerika mu Burusiya, nkuko bitanganzwa n'ubushikiranganji bw'ubutungane bw'ico gihugu.

Muri ivyo binyamakuru, harimwo iradiyo Ijwi ry’Amerika na Radio Free Europe amwe mu ma radiyo afashwa muvy’ uburyo na Leta ya Amerika.

Iyo ngingo itangajwe inyuma yaho Perezida w’Uburusiya Vladimir Putin atereye igikumu kw’itegeko ritanga uburengezira bw’uko ibitangazamakuru bishobora gufatwa nk’ibikorera inyungu z’ibihugu vyavyo mu Burusiya.

Iryo tegeko riterwa ivyatsi n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu nka Human Rights watch, ritomora ko ikinyamakuru cose cerwa n’iyo ngingo gishaka kubandanya gukorera mu Burusiya kibwirizwa kubanza kwemanga ko gikorera inyungu z’igihugu gikomokamwo, kikereka abategetsi b’Uburusiya iyo gikura amafaranga gikoresha,ingene ubwo buryo bukoreshwa, n’abagikoresha.

Ijwi ry’Amerika ntaco riravuga kuri iyo ngingo, ariko ubushikiranganji bujejwe ubugenderanire y'Amerika n'amakungu bwamaze kuyiyamiriza.

Bwavuze ko iyo ngingo ije guhonyanga ubwigenge bw’ukumenyeshamakuru.

Tom Kent, aramutswa Radio Free Europe iri mu ma radiyo yerwa n’iyo ngingo, yabwiye Ijwi ry’Amerika ko izobangamira cane ibikorwa vyayo mu Burusiya.

Abategetsi b’ Uburusiya ku ruhande rwabo, bavuze ko basa nk’abasubirije mu ndumane Amerika, inyuma yaho mu kwezi kwa cumi na rimwe, Televiziyo y’Abarusiya “Russia Today” itegetswe kwiyandikisha nk’iyikorera inyungu z’ Uburusiya ku butaka bwa Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG