Uko wahagera

Uwari Ahanganye na Denis Sassou Nguesso mu Matora Yitavye Imana


Guy Brice Parfait Kolelas Yari Ahanganye na Denis Sassou Nguesso mu matora
Guy Brice Parfait Kolelas Yari Ahanganye na Denis Sassou Nguesso mu matora

Mu gihugu ca Republika ya Kongo Brazaville, umunyapolitike akomeye yariko ahiganira ikibanza c’umukuru w’igihugu mu matora yabaye ejo ku musi wa mungu, yitavye umuremyi ahitanywe n’ikiza ca Corona.

Amakuru y’urupfu rwa Guy Brice Parfait Kolelas, yari yinjiye ibitaro kubera ikiza ca Corona ejo ku musi wa mungu, yatangajwe uyu musi ku wa mbere n’umuvugizi wiwe.

Uyo munyapolitike Kolelas yari afise imyaka 61, yabonetse ubwa nyuma ku masanamu ya video ku musi wa gatandatu abwira abanyagihugu bamushigkiye ko ariko arahangana n’urupfu. Mu nyuma yaciye atwarwa mu gihugu c’Ubufaransa n’indege aho yari agiye kwivuza.

Vyitezwe ko ivyavuye muri ayo matora bitangazwa muri iyi ndwi. Mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu mwaka w’2016, Kolelas yari yaronse amajwi 15%. Kuri ubu, vyari vyitezwe ko aronka ikibanza ca kabiri mu matora y’ejo, inyuma ya Prezida Denis Sassou N’Guesso, umuprezida wa mbere muri Afrika amaze imyaka myinshi ku butegetsi, n’ukuvuga imyaka 36.

Kolelas yari yahagaritse kwiyamamaza ku musi wa gatanu inyuma y’aho abwiriye abamushigikiye ko yikeka ko arwaye malariya. Yari agize imisi anebagura cane Prezida Sassou N’Guesso hamwe n’intwaro yiwe avuga ko yahinduye igihugu gisigaye kimeze nk’ikirangwamwo umukazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG