Uko wahagera

Uwagirizwa Guturira Inama Nshingamateka ya SA Yagirijwe Iterabwoba


Zandile Christmas Mafe Yagirizwa guturira inama nshingamateka ya Afurika y'Epfo
Zandile Christmas Mafe Yagirizwa guturira inama nshingamateka ya Afurika y'Epfo

Abashikirizamanza muri Afrika y'epfo bagirije icese Zandile Mafe icaha c'iterabwoba uno musi ku wa kabiri. Yikekwa ko ari we yadometse umuriro waturiye igice c'ingoro y'inama nshingamateka muri uku kwezi.

Zandile Mafe yitavye sentare kuri dosiye abategetsi bavuga ko ari igitero yakozweakuri demokrasi y’igihugu. Yaza yagirijwe kandi icese icaha c’uguturira inyubakwa za reta mu muriro wadutse kw’italiki 2 y’uku kwezi kwa mbere. Abashikirizamanza batangaje ko icaha c’iterabwoba ciyongeyeko kubera yafatanywe bombe.

Mu nyubakwa uwo muriro yagirizwa kuba yaradometse waturiye harimwo izari zubatswe mu mwaka w’i 1884, igihe intara ya Cape yatwarwa n’abakolini b’abongereza. Ingoro y’inama nshingamateka iri mu gisagara ca Cape Town ni ikibanza kigenderwa cane n’ingenzi. Urubanza rwa Zandile Mafe rwigijweyo gushika kw’italiki 11 y’ukwezi kwa kabiri. Yatagetswe gupfungirwa mu kibanza

c’abantu bafise ibibazo vyo mu mutwe. Ni inyuma y’uko abamwunganira bamenyesheje ko afise ibibazo vyo mu mutwe. Abantu batari bake bakoraniye hanze ya sentare mu gisagara ca Cape Town mu myiyerekano aho bavuga ko Mafe ari umwere.

Inama nshingamateka ya Afrika y’epfo yaragize uruhara rukomeye mu kiringo c’imyaka 30 irangiye mu gufasha gukuraho imigambi yacinyiza abirabure ku ntwaro kadyanishamiryango ya apartheid. ( Reuters)

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG