Uko wahagera

USA Yakajije Igenzura ry’Imikorere y’Ibinyamakuru 4 vyo mu Bushinwa


Amerika yakajije igenzura ry’imikorere y’ibimenyeshamakuru bine vyo mu Bushinwa bikorera ku butaka bwayo. Ivyagiriza gukora vyisunze umurongo wa politike y’Ubushinwa n’inyungu z’ico gihugu.

Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu Mike Pompeo yavuze ko imikorere y’ivyo bitangazamakuru ishobora gutuma icuka cari gisanzwe atari ciza hagati y’Amerika n’Ubushinwa cunyuka.

Mike Pompeo mu ngingo asaba ko zifatirwa ivyo bitangazamakuru, harimwo ugufatwa nk’ibihagarariye inyungu z’Ubushinwa ku butaka bw’Amerika. Bibwirizwa kandi guha Reta y’Amerika amazina y’abamenyeshamakuru bose babikorera, bakerekana imitungo yabo aho iri n’uko ingana.

Icemezo c’Amerika ku Bushinwa kije gikurikira inama yo gutosora icuka hagati y’ivyo bihugu, yabaye mu ndwi iheze ntihagire ico ivamwo. Iyo nama igihera, Mike Pompeo yise Ubushinwa igihugu “ataco cibanda, ntihagire n’uwo gisonera. “

Abasesangurira hagufi bavuze ko Ubushinwa bushobora kwuririra kuri iyo ngingo, gutyo bukikura abamenyeshamakuru mpuzamakungu ubutegetsi bw’Ubushinwa bwakunze kuburabuza kubera amatoza yabo yimbitse.

Ku rundi ruhande hari kandi abasanga Ubushinwa bushobora guhava bwihora Amerika nkuko bwabigize mu kwezi kwa kabiri, igihe Amerika yafatira ingingo ibimenyeshamakuru bitanu vy’Ubuhinwa, mu kwanka guheranwa nabwo buyisubiriza mu ndumane mu kwirukana abamenyeshamakuru bakorera ibinyamakuru vyo muri Amerika.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG