Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Anthony Blinken, yahagaritse uno musi ku wa gatatu urugendo yarimwo muri Aziya kubera umwe mu bari bamuherekeje yasaganywe umugera wa Covid-19.
Iyo nkuru yatangajwe n’umuvugizi w’ubwo bushikiranganji. Vyari bitegekanijwe ko Blinken abonana n’abategetsi b’igihugu ca Tayilande ku murwa amukuru, Bangkok, ejo ku musi wa kane, inyuma yuko agendeye Indoneziya na Maleziya. Yamara intambwe ya gatatu ari nayo ya nyuma y’urugendo rwiwe mu bihugu 3 yahagaritswe.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika yabwiye umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Tayilande, Don PramudwinaI, ko Blinken yagarutse i Washington. Uwo mutegetsi yari mu bamuherekeje yatowemwo umugera wa Covid-19 inyuma yuko apimwe muri Maleziya. Hari inyuma yuko ashitse ari kumwe na Blinken avuye muri Indoneziya.
Nta ruhara yagize mu mibonano Blinken ku murwa mukuru wa Maleziya, Kuala Lumpur, kandi nta wundi mutegetsi numwe yanduye uwo mugera nkuko bitangazwa na ambasade ya Amerika muri ico gihugu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika, yabwiye abamenyeshamakuru ko Blinken yafashe ingingo y’uguhagarika urugendo rwiwe kugira ashire imbere amagara y’abari bamuherekeje n’abandi bari kubonana.
Urugendo rwiwe muri Aziya rwari rugenewe guhangana n’igihagararo c’ Ubushinwa gitera ciyongera kuri uwo mugabane hamwe n’ugusubira gukomeza igihagararo ca Amerika kuri uwo mugabane inyuma y’ikiringo ca Prezida Donald Trump. (AFP)
Facebook Forum