Uko wahagera

USA:Umumenyeshamakuru w’Icamamare Larry King Yitavye Imana


Larry King
Larry King

Umumenyeshamakuru w’icamamare Larry King yitavye Imana ku myaka 87. Uyu yamenyekanye cane kubera ibiganiro vyo ku mboneshakure nyamerika zitandukanye yaguye mu bitaro vyo mu gisagara ca Los Angeles muri Reta ya California nkuko sosiyete yiwe, Ora Media, yabitangaje.

Bimwe mu biganiro yamenyekanyemwo cane birimwo ivyo yakora abaza ibibazo bifise uburemere abanyepolitike bo mu mihingo itandukanye, n’icitwa "Larry King Live" cigeze kuba gica kuri CNN. Ni ikiganiro yaremesheje mu kiringo c’imyaka 25. Iyo mboneshakure igaruka ku rupfu rwiwe yavuze ko nyakwigendera yazize Covid-19, yarwaye kuva mu ntango z’ukwa mbere k'uno mwaka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG