Uko wahagera

USA Izorungika Inteko Zidasanzwe Kurwanya Iterabwoba muri Kongo


Bamwe mu basirikare b'Amerika

Amerika izorungika inteko zidasanzwe zijejwe kurwanya iterabwoba mu karere ko mu buseruko bwa Republika ya demokrasi ya Congo karangwamwo umutekano muke. Izo nteko zizoba zijejwe kuraba uburyo bw’ugushiraho inteko zijejwe kuzorwanya uruhagarara n’ubwicanyi biterwa n’intagondwa z’abayislamu mur’ako karere.

Izo nteko zidasanzwe zashitse ku murwa mukuru Kinshasa ku musi wa gatanu w’iyi ndwi turangije. Zigiye kwiheza ivyerekeye ishirwaho ry’izo nteko. Prezida wa Congo, Etienne Tshisekedi yaratangaje ku musi w’Imana kw’izo nteko zizofasha igisirikare ca reta kurwanya iterabwoba mu karere ko mu buseruko bw’igihugu, hamwe no gukingira abajejwe kwigiza inyuma inyamaswa mu bice biri mur’ako karere.

Amenyesha ko izo nteko zizomara indwi zitari nke mu buseruko bw’igihugu, aho amategeko yo mu bihe bigoye igihugu, yatangajwe mu kwezi kwa gatanu mu ntumbero yo kugerageza guhagarika ubwicanyi bumaze imyaka n’imyaka mur’ako karere.

Ikigo kijejwe gukwirikirana hafi ibijanye n’umutekano mu karere ka Kivu, “Kivu Security Tracker” kimenyesha ko bwinshi mu bwicanyi n’uruhagarara mur’ako karere vyagirizwa abarwanyi b’umurwi ADF, “Allied Democratic Forces” abategetsi ba Amerika bavuga ko bakorana na reta ya kiyislamu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG