Uko wahagera

USA Itera Ivyatsi Ibihano Ubushinwa Bwafatiye Abahoze muri Reta ya Trump


Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'ayandi makungu
Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y'Ubushinwa n'ayandi makungu

Ubushinwa bwafatiye ibihano bamwe mu bategetsi bahora bagize Reta ya Donald Trump. Muri 28 bafatiwe ibihano, harimwo uwahoze ari umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Amerika n’ayandi makungu, Mike Pompeo, uwahora ari umuhanuzi wa Trump mu vy’ubudandaji, Peter Navarro, uwahoze ari umuhanuzi mu vy'umutekano, Robert O’Brien, n’uwo yasubiriye, John Bolton.

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Ubushinwa n’ayandi makungu yasiguye ko abo bategetsi bakamiye mu cogeje ibihano Amerika yafatiye Ubushinwa bigahungabanya imikorere n’inyungu z’ico gihugu. Ni ibihano Ubushinwa busigura ko vyagize ingaruka zitari nke ku buzima bw’abanyagihugu babwo no ku migenderanire bwari bufitaniye n’Amerika.

Ibihano abo bahora ari abategetsi muri Amerika bafatiwe birimwo ko bo n’imiryango yabo batazosubira guhonyoza ikirenge ku butaka bw’Ubushinwa. Amashirahamwe akorana nabo co kimwe n’abo nyene ubwite ntibemerewe kandi gusubira kugira ikintu na kimwe kijanye n’ubudandaji bakorera mu Bushinwa.

Umuvugizi wa Perezida mushasha wa Reta Zunze Ubumwe z’Amerika mu vy’umutekano, Emily Horne, yateye ivyatsi iyo ngingo y’Ubushinwa avuga ko ataco izofasha yongera ashimangira ko perezida mushasha w’Amerika yiteze gukorana n’abategetsi bose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG