Uko wahagera

USA: Ibitigiri vy'Abatagira Akazi Basaba Gufashwa Vyagabanutse


Bamwe mu Banyagihugu barindiriye gufashwa

Ibitigiri vy'abadafise akazi muri Reta zunze ubumwe z'Amerika basaba gufashwa vyagabanutse. Ubushikiranganji buraba ivy’akazi buvyemeza, buvuga ko naho biri uko, abakeneye gufashwa bakiri benshi ugereranije n’uko vyahoze imbere y’ikiza ca Virusi ya Corona.

Abasavye gufashwa muri ino ndwi bagera ku bihumbi amajana indwi na mirongo icenda n’indwi. Ni ukuvuga ko bagabanutseko ibihumbi mirongo itatu na bitatu ugereranije n’uko vyari vyifashe mu ndwi iheze. Haraheze amezi atari make ibitigiri vy’abasaba gufashwa biguma hagati y’ibihumbi amajana indwi n’ibihumbi amajana icenda ku ndwi ku ndwi.

Perezida Joe Biden yinjiye mu ndwi yiwe ya gatatu y’ubuyobozi yipfuza ko amafaranga ahabwa abadakora bakwije ibisabwa vyo gufashwa avanwa ku madolari amajana atatu ku ndwi akaja ku madolari amajana ane. Yamara, abarepublikani bo bipfuza ko ayo mafaranga aho kwongerezwa, yovanwaho burundu.

Ku banyagihugu bagera ku miriyoni 22 batakaje ubuzi kubera ikiza ca Virusi ya Corona, abababa imiriyoni cumi ni bo bonyene bamaze kuronka ubundi buzi. Biri uko mu gihe abahinga mu vy’ubutunzi bagabisha ko ibitigiri vy’abashomeri bishobora kuzokwiyongera mu minsi iri imbere.

Mu mareta amwe amwe, haracariho amasaha ntarengwako yo gukora ubudandaji. Ni mu gihe hari abakoresha bamwe bamwe babandanya kwirukana abakozi babo bivuye ku bucuruzi bucumbagira. Hari na hamwe abakozi bariko basubirizwa n’ivyuma vy’ubuhinga bwa none.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG