Uko wahagera

USA: Amafoto y'Imyiyerekano y'Abashigikiye Donald Trump mu Bikorwa Vyemeza Intsinzi ya Joe Biden

Polisi yategetse ko ibikorwa bihagarara mu nama nshingamateka, ivuga ko umutekano ugeramiwe n’abaje baturuka inyuma yayo. Bibaye mu gihe ibihumbi vy’abayoboke ba Perezida Trump bashwabadukiye kuri iyi nyubako biyamiriza iyemeza ry’intsinzi ya Joe Biden nk’umukuru w’igihugu.

Igiporisi gicungera ingoro y’inama nshingamateka ya Reta zunze ubumwe z'Amerika categetse ko ibikorwa bihagarara mu nama nshingamateka, kivuga ko umutekano ugeramiwe n’abaje baturuka inyuma yayo. Bibaye mu gihe ibihumbi vy’abayoboke ba Perezida Trump bashwabadukiye rimwe kuri iyi nyubako biyamiriza iyemeza ry’intsinzi ya Joe Biden nk’umukuru w’igihugu.

Sena y'Amerika yaciye iba irahagaritse ibikorwa, aho yariko iremeza amajwi yemejwe na Koleyi y’itora ko Joe Biden yatsinze amatora, kandi icegera ca perezida Mike Pence yariko ararongora uwo mugirwa yaciye akurwa muri iyo ngoro acishijwe mu nzira ica mu kuzimu.

Amasanamu ya videwo ariko araca ku mbuga za social media no mu binyamakuru vy’Amerika yerekana abayoboke ba Trump basambura bariteli z’abaporisi bavogera iyo nyubakwa. Amakuru yaciye mu mateleviziyo yavuze ko ivyuka bikoroza amosozi vyatewe igihe bamwe muri abo bayoboke bariko bagerageza kwinjira aho abashingamateka bakoranira.

Igihe ayo masinzi yakoranira kuri iyo nyubako no gutana mu mitwe n’igiporisi, Perezida Donald Trump yanditse kuri Twitter abasaba gushigikira igiporisi n’abajejwe umutekano hamwe no kuguma batekanye.

Umukuru w’igisagara ca Washington, Muriel Bowser, yaciye ashinga itegeko ry'umukwabu ku murwa mukuru Washington kuva isaha 12 z’umugoroba.


Voma ibindi

XS
SM
MD
LG