Uko wahagera

Iraki: Ubwicanyi Burahitana Benshi


Ambasaderi wa Reta Zunzubumwe z'Amerika muri Iraki Stuart Jones amenyesha ko Ibitero vy’ubwihevyi vyagabwe ejo kuwa mbere kunzego z’umutekano muri Iraki ar’ikimenyetso c’uko Umugwi w’intagondwa wa Reta ya Kiyisilamu waburaniwe.

Ivyo bitero vyahitanye abashika umunani mu gace ka Abu Ghraib kari mu micungararo y’igisagara ca Baghdad.

Ambasaderi Stuart Jones abandanya avuga ko Amerika igiye kubandanya ihasha uwo mugwi.

Ico gitero caje gikurikira ikindi gitero c’abiyahuzi cari cabaye mu gatondo ka kare k’ejo kuwa mbere nyene cahitanye abantu bashika 24 mu mihango yo gupfuba umuntu yari yitavye Imana.

Uwo mugwi wa Reta ya Kiyisilamu wariyemereye ko ariwo wakoze ivyo bitero vyabereye I Muqdadiyah, ku bilometero bishika 90 mu buraruko bwa Baghdag

XS
SM
MD
LG