Uko wahagera

Uruzi Rusizi "Rurashobora Gukwega Amatati Hagati y'Uburundi na DRC"


Igice ca Rusizi ku ruhande rw'Uburundi
Igice ca Rusizi ku ruhande rw'Uburundi

Uruzi Rusizi rugabura Uburundi n’igihugu ca Republika iharanira Demokarasi ya Kongo rwarataye inzira ku ruhande rw’intara ya Cibitoke mu Burundi. Abanyagihugu baharimira bavuga ko vyatumye bahatakariza amatongo yo kurimamwo arenga amahegitare 100, kuko indimiro z’abo zimukiye muri Kongo. Basaba abajejwe intwaro kwihutira gukemura ico kibazo kuko gishobora gutera impari hagati y’ivyo bihugu bibiri.

Aho uruzi Rusizi rwataye inzira cane rukegera uruhande rw’Uburundi ni muri zone Nyamitanga, Komine Buganga intara ya Cibitoke. Ivyo vyatumwe n’imvura nyinshi imaze iminsi igwa. Basaba abategetsi b’intara ya Cibitoke kwihutira kuvugana na bagenzi b’abo bo mu ntara ya Kivu y’Amaj’epfo muri Kongo kugira ico kibazo gitorerwe umuti.

Buramatari w’intara ya Cibitoke aremeza ko ico kibazo c’amatongo yimukiye muri Kongo kubera uruzi Rusizi akizi. Carême Bizoza amenyesha ko yamaze no kugishikiriza abamukurira kandi akavuga ko nawe nyene impungenge y'uko gishobora gutera amatati hagati ya Kongo n'Uburundi azifise.

Uruzi Rusizi rurakunze kwuzura rugatera imyuzurira ku mpanze zarwo rugahitana imirima n’ibiterwa, yamara ntirwari bwagere aho ruta inzira. Abajejwe intwaro basaba abanyagihugu kwitwararika kugira ntibazohave basotorana n’abanyekongo, ahubwo bagahamagarirwa kurindira inzego zibijejwe kugira zizokemure ico kibazo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG